Ubuyobozi bw'Ikigo OBR buramenyesheje abenegihugu bose ko ata mahera atangwa kugira ngo umuntu aronswe akazi muri ico kigo.
Gisaba abantu bose ko bokwirinda abasuma n’abambuzi bariko barabaterefona bababwira ko bobaha amahera kugira ngo bazobaronse akazi canke ngo babavugire mu murwi ujejwe kugatanga (Commission de recrutement).
Ikigo OBR kigasaba uwo wese yumvise canke abonye ben’abo bangushi kubashikiriza inzego zijejwe guhasha ububisha ben’ubwo, canke bagaterefona mu kigo OBR ku nomero itariha 500 canke kuri 77 510975.